UMUTI UVURA - IGITUNGURU ONYO N'UBUKI BWIZA UMUTI W'IGITANGAZA!
Mwana wanje, uz' urye ubuki, kukw ari bgiza,
N'ikigigu kikuryohera mu kanwa.
(Imigani 24:13)
✳️Ivyiza ubuki budufitye ntawobidonda ngo abimare:
✅Ubuki ni isoko y’amavitamine menshi nka A, E, B1, B2, B5, B6, B12, K, P, D, n’izindi.
✅Harimwo imisemburo ngengamubiri itera igikuriro (hormones de croissance), n’ibindi
✅Butera kuramba
✅Bwongera inkomezi(energie) mu mubiri no mu bwenge,
✅Kandi ni kimwe mu vyifashishwa bakora ivyongera uburanga
✅Ubuki ni ikiribwa kandi bukaba n’umuti uvura indwara zirenga 100 Zimwe muri zo ni izi zikurikira :
✅Ibivyimba : kubusigaho kenshi bituma ikivyimba gisha vuba
✅Ushaka kugabanura ibiro
👉🏿Ufata ikiyiko 1 c’ubuki mbere yo gufungura
✅Ufise amaraso make
👉🏿Ufata ikiyiko 1 c'ubuki ukavanga n'ibiyiko 2 vy'umutobe w'indimu,ukanywa mu gatondo atakindi urafata
✅Urwaye asima
👉🏿Ukatagura igitunguru kinini ca onyo rouge, Ukagishira mu kirahuri kinini c’amazi ashushe buhoro, ukabikora kumugoroba mu ma saa tatu
👉🏿Mu gitondo, wongeremwo ikiyiko c’ubuki n’ikiyiko c’umutobe w’indimu,
👉🏿Unywe ata kindi urafata
✅Bronchite
👉🏿Ufata ibiyiko 3 vy’umutobe w’indimu mu kirahuri c’amazi ashushe buhoro ugashiramwo n’ikiyiko 1 c’ubuki
👉🏿Ukabifata ku munsi nyuma yo kurya (Haheze amasaha 2).
👉🏿Ukabikora buri munsi, iminsi 7 ikurikiranye
👉🏿Nyuma ukaja ubikora gatatu mu ndwi,
👉🏿Ukarangiza ukwezi
✅Urwaye diarrhée :
👉🏿Uvanga ikiyiko c’ubuki bwiza+ akayiko gato k’umutobe w’indimu mu gice c’ikirahuri c’amazi ashyushye buhoro
👉🏿Ukanywa mu gitondo ata kindi kintu urafata
✅Ugwaye Umutima ukorana intege nke :
👉🏿Ukunda kurya kenshi ikiyiko 1 c’ubuki mbere yo gufungura
✅Umugore yibungenze
👉🏿Afata ikiyiko c’ubuki kivanze n’ikiyiko c’umutobe w’indimu,
👉🏿incuro 3 mu ndwi
✅Umugore arwaye intinyi(frigidité)
👉🏿Afata ikiyiko c’ubuki bwiza budatetse,
Akabufata kumugoroba mbere yokuryama
✅Uwushaka kongera uburanga no kugira uruhu rufise itoto
👉🏿Uvanga ikiyiko 1 c’ubuki n’umuhondo w’igi
👉🏿Ushobora no kongeramwo umutobe w’indimu
👉🏿na elayo ugashiramwo vyoba akarusho
👉🏿Ukisiga ku mubiri ukabirekeraho nibura igice c’isaha(30min)
ukabona kwoga
👉🏿Kubashaka ubwiza,ngiyo produit naturel,idateza ingaruka
✅Gufata Onyo 1+indimu1(ya vert)
👉🏿ukabikatakata neza,
👉🏿ukongerako ikiyiko 1c'ubuki
👉🏿N'ibiyiko 2 vy'amahoke(tournesol)
Ukarya iyo salade imbere yo gufungura ivya sa sita,
👉🏿Ukabikora 4 mundwi ukarangiza ukwezi,
👉🏿Uba wivuye indwara zikurikira:
✅Igitigu(hépatite)
✅Amafyigo
✅Kuva imyuna(Hémorragies nasales)
✅Indwara zo mu ngingo
✅Gusarara
✅Inzira z'ubuhumekero
✅Inzoka
✅Prostate ku bagabo
✅Amara n'umushishito bikora nabi
✅Vyongera amaraso
✅Kuva amaraso mumenyo
✅Kubora ibinyigishi
✅Kuribwa munda no kwonda cane
✅Bitera gusinzira neza
✅Bivura ubwonko
✅Amagufa
✅Imitsi
✅Grippe
✅Inkorora
✅Uruhu
✅Birinda kandi bikavura intandara
![](https://i.ytimg.com/vi/i_29K_5p-G0/maxresdefault.jpg)