Inzira y’ibiganiro ni yo yonyene ishoboka kugira ngo ibibazo biri hagati y’Uburundi n’Urwanda bitorerwe inyishu. Vyashikirijwe na Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL kuri uyu wa kabiri itariki 16 Nzero. Ni mu gihe yariko yishura ku bibazo vya bagenzi bacu ba Télévision Isanganiro. Ivyo akaba yabishikirije inyuma y’aho Uburundi bwugariye imipaka buhana n’Urwanda. Akavuga kandi ko iryo pfungwa ry’imbibe rigira ingaruka mbi ku banyagihugu.
Ещё видео!